Uko wahagera

Brahim Yateye Icuka Kibi Hagati ya Maroke na Esipanye Yatahutse


Brahim Ghali, umuyobozi w'abaharanira ukwikukira kw'intara ya Sahara yo mu burengero
Brahim Ghali, umuyobozi w'abaharanira ukwikukira kw'intara ya Sahara yo mu burengero

Umuyobozi w'abaharanira ukwikukira kw'intara ya Sahara yo mu burengero yashitse mu gihugu ca Aljeriya avuye muri Esipanye, aho yari kwivuriza. Brahim Ghali yashitse ku murwa mukuru wa Aljeriya, Algers mu masaha ya kare y’uno musi ku wa gatatu. Yari amaze igihe kirenga ukwezi yivuriza mu gihugu ca Esipanye inyuma y’uko yanduye umugera wa Covid-19.

Ivyo vyarateye ibibazo hagati y’ibihugu vya Esipanye na Maroke. Kuba Esipanye yamwemereye kwinjira ku butaka bwayo vyarashavuje cane Maroke. Iki gihugu gisaba ko akwirikiranwa ku vyaha kivuga ko yakoze mu ntara ya Sahara yo mu burengero.

Umuvugizi w’umuhari Polisario muri Esipanye, Jalil Mohamed avuga ko Ghali yashitse amarembe muri Aljeriya. Akaba azobandanya kuruhukira muri ico gihugu.

Yavuye muri Esipanye amasaha makeyi inyuma y’uko yitavye sentare nkuru yo muri ico gihugu hakoreshejwe ubuhinga bwa none kuri dosiye yerekeye ivyaha yagirizwa ko yakoze. Mu nyuma y’aho, nta ngingo zimubuza kwishira no kwizana abacamanza muri ico gihugu bamufatiye. Vyongeye, abo bacamanza bamurekuriye kuva mu gihugu.

Umuvugizi wa reta ya Esipanye, Maria Jesus Montero, yatangaje uno musi ko yizeye ko kuba Ghali yavuye mu gihugu ciwe bizobafasha kugabanya icuka kibi hagati yaco na Maroke.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG