Uko wahagera

Botswana: Amatohoza ku Catumye Urupfu rw'Inzovu Zigera kuri 275


Reta ya Botswana imenyesha ko kugeza ubu itaratora icishe inzovu 275 haciye indwi zitatu zipfuye. Ariko bavuga ko mu matohoza bamaze gukora bavuga ko ugupfa kwazo kutavuye ku busuma bw’amahembe yazo canke ugutegwa ivyuka birimwo ubumara bwica bwitwa Anthrax mu rurimi rw’icongereza.

Ayo matohoza yakozwe n’amashirahamwe yo muri Afrika y’Epfo, Zimbabwe, Ubwongereza na Reta zunze ubumwe za Amerika. Ni inyuma y'aho basuzumye ibiziga vy’inzovu zishika kuri 28. Kuri uyu wa gatandatu, Oduetse Koboto, umunyamabanga w’imfatakibanza mu bushikiranganji bujejwe ibidukikije n’ingenzi yabwiye abaserukizi b’ibihugu vyabo muri Botswana ko naho atacerekana ko hari izindi nzovu zibandanya gupfa, barabandanya amatohoza no gukura ibisigarira vy’izapfuye hafi y’ibigwati bibamwo abantu.

Mak Hiley, umuyobozi w’ikigo c’igihugu kijejwe gukingira ubuzima bw’ibikoko avuga ko ari icago gikomeye kibaye muri kimwe mu bihugu bigenderwa cane muri Afrika muri iki kinjana. Botswana ni co gihugu ca mbere kw’isi gifise igitigiri kinini c’inzovu. Mu mwaka wa 2013 zaharugwaga ku zirenga ibihumbi 156.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG