Uko wahagera

Bombe Yahitanye Abantu Icumi muri Afuganistani


Abazimyamuriro bo muri Afuganistani bariko basukura ahabereye igitero ca bombe
Abazimyamuriro bo muri Afuganistani bariko basukura ahabereye igitero ca bombe

Abantu cumi bishwe abandi batari bake barakomerekera mu gitero ca bombe c’umwiyahuzi cabereye hafi y'ahariko habera ikoraniro ry’abashigikiye buramatari w’intara ya Balkh, Attah Mohammad Noort, ku murwa mukuru wa Afuganisitani, Kabul.

Umuvugizi w’igipolisi muri Kabul, Baseer Mujahid, yabwiye Ijwi ry'Amerika ko abapolisi umunani harimwo umutegetsi akomeye bari mu baguye muri ico gitero. Baseer Mujahid yemeza ko ingingo zikomeye zerekeye umutekano mu karere kabereyemwo ico gitero zafashwe.

Reta ya Kisilamu iza yamaze kwiyitirira ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG