Uko wahagera

Bombe y'Abiyahuzi Yahitanye 20 Ikomeretsa 20 muri Afuganistani


Mu gihugu ca Afghanistani abategetsi batangaje ko igitero ca bombe catezwe mu modoka hamwe n’igitero c’abantu bitwaje inkoho, vyahitanye ubuzima bw’abantu 20, vyongera bikomeretsa abandi 20.

Abategesi hamwe n’abantu bavyiboneye bavuga ko abiyahuzi bitwaje ibigwanisho bikomakomeye bateye ibiro vy’umuhari wa politike, urongowe n’uwahoze ari umukuru w’ibiro bijejwe iperereza mu gihugu ca Afghanistani, Amrullah Salleh.

Saley ni we kandi azoba ari vice prezida wa Afghanistani wo muri iki gihe Ashraf Ghani mu gikorwa co kwiyamamariza amatora yimirije.

Ivyo bitero vyabaye haheze amasaha makeyi, Ghani hamwe na Saleh bavuye mw’ikoraniro ryo kwiyamamaza mu gisagara ca Kabul, inyuma y’aho igikorwa co kwiyamamariza ayo matora gitangurijwe icese ku musi wa mungu.

Gushika ubu, nta murwi n’umwe uratangaza ko ariwo wakoze ivyo bitero. Umurwa mukuru Kabul ugize imisi uberamwo ibitero bikorwa n’umurwi w’abaTalebani hamwe n’umurwi w’intagondwa za kiislamu.

Abategetsi batangaje ko abasirikare batabaye abantu bashika 85.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG