Uko wahagera

Bombe y'Abatalibani muri Afuganistani Yahitanye 15 Ikomeretsa 90


Abajejwe umutekano babonekana ahabereye igitero c'iterabwoba.
Abajejwe umutekano babonekana ahabereye igitero c'iterabwoba.

Bombe yatezwe n’Abatalibani mu muduga wari uherereye mu micungararo ya kimwe mu bibanza bikoreramwo urwego rujejwe iperereza rya Afuganistani mu ntara ya Zabul iri mu bumanuko bw’igihugu yahitanye 15 ikomeretsa 90.

Abategetsi b’intara ya Zabul bemeje ayo makuru bavuga ko abenshi mu basize ubuzima muri ico gitero n’abagikomerekeyemwo bari abarwariye mw’ivuriro rikuru ry’iyo ntara. Igice kinini c’iryo vuriro casambutse nkuko abo bategetsi babivuga.

Igitero co kuri uno wa kane kije gikurikira ibindi vyinshi vyagabwe n’Abatalibani mu bibanza bitandukanye harimwo n’ahariko hiyamamariza Perezida wa Afuganistani Ashraf Ghani mu ntango z’ino ndwi. Muri rusangi ivyo bitero vyahitanye abagera ku 50.

Hagati aho, polisi y’intara ya Nangarhar iherereye mu buseruko bwa Afugansitani bavuze ko abasivile icenda baguye mu gitero c’indege zitagira umudereva cari catumberejwe ku birindiro vy’abarwanyi b’intagondwa biyitirira Reta ya Kiyisilamu, batandatu bagikomerekeramwo. Abo bategetsi bavuze ko ryabaye “Ikosa.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG