Uko wahagera

Bombe Al-Shabab Yateze Yahitanye 4 Ikomeretsa 15 muri Somaliya


Ahagabwe igitero cahitanye 80 mu mpera zo mu 2019
Ahagabwe igitero cahitanye 80 mu mpera zo mu 2019

Abantu bane bahitanywe na Bombe yatezwe mu muduga ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadishu. Iyo Bombe yakomerekeje 15 yaturikiye mu micungararo y’ahakorera Inama Nshingamateka n’ibarabara ricamwo abagana ingoro y’umukuru w’igihugu. Umurwi w’iterabwoba Al-Shabab wigamvye ico gitero.

Polisi ya Somaliya yemeje ko mu bakiguyemwo hari umwe mu bategetsi bakorera ubushikiranganji bujejwe ivy’agateka ka zina muntu. Serevisi ya Somali y’Ijwi ry’Amerika nayo itangaza ko amakuru yahawe n’abategetsi yemeza ko hari umukozi w’Inama Nshingamateka mu gisata c’umutekano yakiguyemwo.

Igitero ca Al shabab co kuri uno wa gatatu ni co ca mbere gihitanye benshi kuva uno mwaka utangura. Icagabwe mu ntango z’ino ndwi muri Kenya ku kigo ca gisirikare inteko z’Amerika zitangiramwo imyimenyerezo cahitanye Abanyamerika batatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG