Uko wahagera

Biyelorusiya Yagirizwa Guhohotera Umumenyeshamakuru Protasevich


Umumenyeshamakuru Raman Protasevich
Umumenyeshamakuru Raman Protasevich

Svetlana Tsikhanouskaya, umunyapolitike atavuga rumwe na Reta ya Biyelorusiya avuga ko umumenyeshamakuru, Raman Protasevich apfunzwe yakubiswe ari mu gasho apfungiwemwo.

Mu vyo yatangaje ari aho yahungiye ku murwa mukuru wa Lituwaniya, Vilnius, uno musi ku wa kabiri, vyerekanywe kuri videwo yashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi, Tsikhanouskaya avuga ko abunganira Pratasevich batarekuriwe kumubona. Amenyesha ko ata nkeka ko yakubiswe, yongera aborezwa igufa.

Uyu munyapolitikie avuga ko yagizwe imbohe co kimwe n’abandi bantu 421 bapfunzwe kubera ivyiyumviro vyabo vya politike, n’abandi bantu ibihumbi n’ibihumbi batemejwe ko bapfunzwe ku mpamvu za politike bari mu mvuto.

Abashigikiye Pratasevich bavuga ko inguma afise mu maso ari ikimenyetso ko yakubiswe. Amasanamu ya videwo ya Pratasevich bisa n’uko yafashwe n’abajejwe umutekano wa Biyelorusiya, yarashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi ku musi wa mbere. Yaremeye ko yateguye imyiyerekano yo kwiyamiriza reta.

Pratasevich, afise imyaka 26 muri iki gihe, yatawe mu mvuto ku musi w’Imana inyuma y’aho indege yarimwo itegekewe kwururukira muri Biyerorusiya, igihe yari mu kirere c’ico gihugu, igiye muri Lituaniya ivuye mu Bugiriki.

Abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi bavuga ko Reta ya Biyelorusiya iri inyuma y’inyuruzwa ryiwe. Abategetsi ba Biyelorusiya, bo bavuze ko hari bombe mu ndege yarimwo, baca barungika indege y’ingwano MIG-29 kuyishorera. Yamara nta vyemezo barerekana ku vyerekeye bombe bavuga ko yari muri iyo ndege.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG