Uko wahagera

Biden na Putine Bashobora Kuzohura mu Kwezi kwa Gatandatu


Prezida wa reta zunze ubumwe z’Amerika, Joe Biden, na mugenzi wiwe w’Uburusiya, Vladimir Putine
Prezida wa reta zunze ubumwe z’Amerika, Joe Biden, na mugenzi wiwe w’Uburusiya, Vladimir Putine

Prezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Joe Biden, na mugenzi wiwe w’Uburusiya, Vladimir Putine, bashobora kuzohura imbona nkubone mu kwezi kwa gatandatu uyu mwaka.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abarusiya, RIA, ryatangaje ano makuru rivuga ko riyakesha Yuri Ushakov, umuhanuzi mu vya politike y’amakungu mu biro vya Prezida Putine, akaba yahoze ari na ambasaderi w’Uburusiya muri Amerika (1998-2008).

Uwo mutegetsi yavuze ariko ko ata ngingo ntabanduka y’uwo mubonano Uburusiya burafata kuko hari vyinshi buzobanza kwiga imbere yawo. Ku rundi ruhande, Umushikiranganji ajejewe imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu, Sergueï Lavrov, yabwiye RIA ko ubusabe bwa Biden bwo guhura na Putin bwakiriwe neza cane ku ruhande rw’Uburusiya.

Mu ntango z’uku kwezi kwa kane, Joe Biden yasavye ashimitse mugenzi wiwe Vladimir Putine gukora ibishoboka icuka kiriko giterwa n’ingabo z’Uburusiya ku mupaka wa Ukraine kigacureha, yongera amusaba ko bogirana inama yo gukemura ibibazo vyose biri hagati y’Uburusiya n’Amerika. Biden agisaba ino nama, Uburusiya bwari bwabanje kuvuga ko kugira buyemere, Amerika ibwirizwa kubanza guheba ibihano vyose yabufatiye.

Ibi Amerika ntiyabikoze kuko mu minsi yahera yashizeho ibihano bishasha ku Burusiya. Ivyo bihano biri mu vya mbere bikarishe Washington imaze gushira kuri Moscou. Naho icuka ari kibi cane hagati y’ibi bihugu bibiri kuva aho Biden yitiye Putin umwicanyi, Putin muri ino ndwi yaroroheje gato, yitaba inama ya Biden ku vy’ihindagurika ry’ibihe. Kuba Putin yaritabiriye iyo nama yabereye ku buhinga bwa none vyatanze icizere ku bakurikirana ivy’amatati y’Amerika n’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG