Uko wahagera

Ben Ali Yahoze ari Perezida wa Tuniziya Yitavye Imana


Zine El Abidine Ben Ali mu 2009.
Zine El Abidine Ben Ali mu 2009.

Zine El-Abidine Ben Ali, yahoze ari perezida atwaza agahotoro w’igihugu ca Tuniziya yitavye Imana uno musi ku wa kane aho ari mu buhungiro mu gihugu ca Arabiya Saudite.

Yitabiye Imana mu gisagara ca Jeddah ku myaka 83. Ikiziga ciwe cajanywe mu gisagara ca Mecca mu kurindira ingingo y’umuryango wiwe ku vyerekeye ukumushingura.

Ivyo bibaye imisi mikeyi inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yigenga abaye mu gihugu ciwe.

Ben Ali yahunze igihugu ca Tuniziya mu kwezi kwa mbere mu mwaka w’i 2011 igihe abanyagihugu biyamiriza intwaro yiwe y’agahotoro muri revolusiyo yabereye akarorero ibindi bihugu bitari bike vy’Abarabu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG