Igipolisi mu gihugu ca Tanzaniya catangaje ko gifise imigambi y’uguhagarika abantu bose baba mu mihana y’ahitwa Ngolo, mu bumanuo bw’igihugu. Ivyo ni nyuma y'uko imiringoti y’amazi isambuwe n’abagizi ba nabi baba muri iyo mihana.
Ababa bagirijwe ko basambuye n’impaka iyo miringoti itwara amazi mu kigwati kiri hafi yaho co mu ntara ya Mbeya. Bulamatari w’ako karere, Albert Chalamila, yategetse ku musi wa gatatu ko abanyagihugu bose baba mu mihana ya Ngolo bahagarikwa.
Umutegetsi mukuru w’igipolisi muri ako karere, Ulrich Matei, avuga ko abo bantu bakoze icaha. Asigura ko Reta yasohoye amafranga ashirishaho imiringoti y’amazi, barayisambura. Ngo ntawobisabirako. Ulrich Matei avuga ko yarungitse imodoka n’ibitoro bihagije hamwe n’abapolisi bakenewe kugira bagaharike abo bantu.
Imihana yo mu gice ca Ngolo ibamwo abantu 1600. Iri mu karere aho amazi akenye.
Facebook Forum