Abantu 6 bitavye Imana 4 barakomereka kubera isanganya ry’imodokari mu gitondo co kuri uyu wa kane. Iryo sanganya ryabereye ku mutumba Maruri wo muri Komine ya Gashikanwa y’intara ya Ngozi ryahitanye n’utuzu tw’ubudandarizo dushika kuri 11.
Abanyagihugu bo kuri uyo mutumba basaba ko ako gasoko kokwimurirwa ahandi basigura ko badasiba kubura ababo kubera amasanganya.
Iyo modokari yahitanye ubuzima bw’abantu yariko imanuka ipakiye ibigori vy’ishirahamwe PAM. Igipolisi gitangaza ko yacitse ifire ica yihereza mu mazu ari ku gasoko ka Maruri.
Kiretse umushoferi, abandi bitavye Imana muri iryo sanganya bari mu tuzu tw’ubudandarizo harimwo utw’uburiro. Isanganya rikiba, igipolisi catangaje abantu 5 bitavye Imana harimwo umudereva na 5 bakomeretse. Amakuru twahavuye dukesha abashitse ku bitaro bikuru vya Ngozi amenyesha ko uwa gatandatu yacikaniye mu nzira atarashika ku bitaro.
Abakunze guteranira ku gasoko ka Maruri bavuga ko atari rimwe canke kabiri ababo bahitanwa n’isanganya ry’imodoka muri ako gace. Basaba ko abategetsi bofasha bakimura ako gasoko.
Mu gipolisi batahura kumwe n’abo banyagihugu ivyo kwimura ako gasoko. Uwurongoye igipolisi mu ntara ya Ngozi avuga ko azoshikiriza ico cipfuzo buramatari w’intara ya Ngozi kugira barabe umwanzuro bofata.
Umwe mu ntwazangabo zo mu gipolisi yari mu bariko baratabariza abahuye n’iryo sanganya avuga ko ibitigiri ry’abahitanwe n’iryo sanganya ari mfatakibanza. Asigura ko bigoye kuvuga ko ari ntabanduka batarafurura ibihomoka vy’utuzu tw’ubudandarizo 11 twabomotse kugira barabe ko ataboba bakiri musi yavyo.
Facebook Forum