Uko wahagera

237 Bari Bafunzwe Binyuranye n'Amategeko muri Congo Barekuwe


Bamwe mu banyororo bo mu gasho kitwa Makala. Ino foto ni iyo mu 2012.
Bamwe mu banyororo bo mu gasho kitwa Makala. Ino foto ni iyo mu 2012.

Ubutungane muri Republika iharanira demokarasi ya Congo bwarekuye abanyororo 237 bari bafunzwe hadakurikijwe amategeko.

Amashirahamwe adakiranira inyungu za politike yatangaje ayo makuru yavuze ko mu bafunguwe hari abari mu munyororo kuva mu 2013.

Umwe mu baharanira agateka ka zina muntu i Kinshasa yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP ko “Bibabaje kwumva hari umunyagihugu yakwa uburenganzira bwo kwidegemvya arenganijwe kubera ukudakora neza k’ubutungane, bwaramuka bumurekuye abantu bagakoma amashi.”

Umushikiranganji w’ubutungane Célestin Tunda Ya Kasende yavuze ko abanyororo barekuwe mu mugambi wo kugabanya ibitigiri vy’abari mu busho.

Agasho kitwa Makala kari i Kinshasa aharekuwe benshi kubatswe ku ntwaro y’abakoloni katabwirizwa kurenza abanyororo 1500 ubu kabarizwamwo 8000. Muri abo 8000, 850 gusa ni bo bamaze gucirirwa imanza.

.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG