Uko wahagera

Urugendo rw'Umukuru wa ONU mu Burundi


Ban Ki-Moon na Perezida Petero Nkurunziza i Bujumbura
Ban Ki-Moon na Perezida Petero Nkurunziza i Bujumbura

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki-MOON, yabwiye abamenyeshamakuru ko amatora aherutse gutunganywa mu makomine yagenze neza, mu mutekano, ata gahato canke umusunikano.

Inyuma yurugendo Umunyamabanga mukuru wa ONU yaraye arangije mu Burundi, yatangaje ko ashimishwa n'uburyo amatora yo mu makomine yagenze, n'ubwo imigambwe cumi n'ine yiyamirije ivyavuye mur'ayo matora.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki-Moon, inyuma y'umubonano yagiranye na Perezida Petero Nkurunziza, yabwiye abamenyeshamakuru ko amatora aherutse gutunganywa mu makomine kw’igenekerezo rya 24 ukwezi kwa gatanu yagenze neza, mu mutekano, ata gahato canke umusunikano. Yavuze ati ayo matora mbere yobera akarorero ibindi bihugu vyo mu karere k'ibiyaga bini. Urwo rugendo rw'umunyamabanga mu kuru wa Onu mu Burundi rwashitse mu gihe mu gihugu havugwa cane ingorane zijanye n'imigambwe cumi n'ine iriko iriyamiriza ivyavuye muri ayo matora. Iyo migambwe imaze kuja hamwe mu vyo bise urunani rw'abashigikiye demokarasi kugira ibintu bihinduke. Yamaze gutanganza kandi ko itazokwitaba amatora azokurikira, mu gihe ayatunganijwe mu makomine atosubirwamwo. Umunyamabanga mukuru wa ONU yasavye abanyeporitike gusubira mu mugambi w'amatora, ivyo basaba navyo bakitura inzego zibijejwe bisunze amategeko.

Perezida Petero Nkurunziza arangije kuganira n'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yabwiye abamenyeshakuru ko mu bikuru bikuru vyatumye Ban Ki-Moon ashika mu Burundi, harimwo ikiazo c'amatora.

Umunyamabanga mukuru wa ONU yarabonanye n'imigwi itandukanye ariko nti yaganiriye n'abatemera ivyavuye mu matora yo mu makomine, n'ubwo yagiye abasaba gusubira mu mahiganwa y'amatora. Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD, umwe mu migambwe yiyamiriza amatora, abandanya avuga ko batazokwitaba amatora y'umukuru w'igihugu yimirije, kw'igenekerezo rya 28 ry'uku kwezi. Ayo matora azoba asigayemwo umukandida umwe w'umugambwe uri k'ubutegetsi.

Urugendo umunyamabanga mukuru wa ONU yagize mu Burundi, ngo rwari rufise ahanini intumbero yo gushimira Uburundi bwarungitse abasoda bashika 3000 gufasha kugarukana amahoro muri Somalia bafadikanije n'abasoda bo mu gihugu c'Ubuganda. Ban Ki-Moon yatahutse atangaje ko ishirahamwe ONU rigiye kuduza agashahara kahora karonswa abo basirikare, bari basanzwe bashigikiwe n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika. Umunyamabanga mukuru wa ONU yemeje kandi, ariko adatomora neza, ko ibigiye gukorwa ar'uko ishirahamwe ONU rigiye kubandanya gufasha Uburundi gusanura ivyasambuwe n'ingwano, kunagura ubutunzi, no kugwanya ruswa.

XS
SM
MD
LG