Uko wahagera

Bamwe mu Barundikazi Bari mu Buhungiro Barahohoterwa


Marie Louise Baricako ni umuyobozi w'umuhari 'Inamahoro' w'Abarundikazi bari mu buhungiro, afashe ijambo mu nama ku munsi mpuzamakungu w'abakenyezi talike 8 z'ukwa gatatu uno mwaka.
Marie Louise Baricako ni umuyobozi w'umuhari 'Inamahoro' w'Abarundikazi bari mu buhungiro, afashe ijambo mu nama ku munsi mpuzamakungu w'abakenyezi talike 8 z'ukwa gatatu uno mwaka.

N’aho ibitigiri vy’abo bigoye kumenya, uwo muhari “Inamahoro” uvuga ko abahuye n’ayo mabi bashoboye kumenyekana barenga 150 mu kiringo c’umwaka.

Abarundikazi bahuriye mu muhari w’abakenyezi bahunze baharanira amahoro n’umutekano “Inamahoro” bemeza ko bamaze kumenya ko hari abagore n’abakobwa benshi bahunze bahura n’amabi atandukanye afatiye ku gitsina.

Ku bw'abo, abakenyezi n’abakobwa b’impunzi ni abantu bari mu mugwi wihariye, bashobora no kwemera guhohoterwa bifatiye ku gitsina kubera ubukene babayemwo.

Esperance Bantegeyahaga, umunyamabanga w’uwo muhari yabwiye Ijwi ry'Amerika ko bamwe muri bo bafatwa ku nguvu bakaba baterwa inda batipfuza, abandi bagatotezwa canke bagakubitwa ndetse na bamwe mu bashakanye bakaba batandukanywa n'amatati ashingiye ku bukene canke ukutumvikana.

Uwo muhari w’abakenyezi “Inamahoro” wemeza ko imboneza muri bo batanguye no kugwiza inyigisho mu rwaruka zo kurwanya amabi afatiye ku gitsina.

N’aho ibitigiri vy’abo bigoye kumenya, uwo muhari uvuga ko abahuye n’ayo mabi bashoboye kumenyekana barenga 150 mu kiringo c’umwaka. Munezero Aline yashoboye kwegeranya abatari bake yatangarije Ijwi ry'Amerika ko bamwe mu bahuye n’ayo mabi bagiye hamwe kugira baremeshanye. Intumbero y’abo ni ukurwanya ko abakorewe ayo mabi harimwo ugufatwa ku nguvu, baja mu ngeso mbi kugira batunge imiryango y’abo.

No mu nkambi ya Mahama amabi afatiye ku gitsina aravugwayo. Umwe mu bakenyezi b’imboneza bariyo nka Jacquelline Nduwayezu ari muri uwo muhari yatangarije Ijwi rya Amerika ko ayo mabi abonekera ku bakobwa batwara inda bakiri bato. We na bagenzi we hari umugambi bagize kugira abakobwa bavyaye muri ubwo buryo bashobore kubandanya amashure.

Abakenyezi b’imboneza bahurikiye muri uwo muhari “Inamahoro” bamenyesha ko bihaye n’igikorwa co gufasha mu vyerekeye amategeko kugira uwafashwe ku nguvu canke uwahohotewe mu bundi buryo yiture ubuyobozi canke ubutungane.

Hari n’inzobere mu vyerekeye inyifato mu kibano n’ingwara z’ihahamuka “Psychologues” bakorana n’abo bakenyezi kugira uwukeneye kwitabwaho muri uburyo buryo aronke uwumufasha.

Ikindi biyemeje ni ukwandikisha abana bose bavutse muri ubwo buryo kugira ntibabuzwe amahirwe hamwe n’uko agateka k’abo kokubahirizwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG