Abantu barenga 50 bahitanywe na nyamugigima yakomerekeje abababa 900, igasenyura amazu ataramenyekana muri Turukiya. Iyo nyamugigima yumvikanye kandi no mu Bugiriki, aho abo yahitanye bamaze kumenyekana ari babiri.
Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan yahojeje imiryango yabuze, yemera ko abanyagihugu amazu yabomotse baza kuba baregeranirizwa aho Reta yabateguriye, abandi nabo ibe irabapangira amazu mu mihingo itandukanye mu kurindira ko ibubakira mashasha.
Mu bitamenyerewe, umushikiranganji wa mbere w’Ubugiriki yahamagaye kuri terefone Perezida wa Turukiya amwihanganisha muri ivyo vyago, hama yandika kuri Twitter yiwe ko mu bihe vy’amakuba, ibihugu vyari bikwiye kurengera amatati bifitaniye bigafatana mu nda.
Perezida Erdogan inyuma y'ikiyago cabo kuri terefone, nawe yaciye asubiza ubwo butumwa bw’umushikiranganji Kyriakos Mitsotakis kuri Twitter ati: “Ugushigikirana kw’ibihugu bibanyi muri b’ino bihe bisumba vyose” .
Ubwo butumwa abo bategetsi bahanahanye, Amerika yabushimagije ivuga ko bishemeye kubona ibihugu bifitaniye ibibazo, vyirengagiza ivyo bidahuriyeko mu bihe vy'amakuba bigahitamwo gushigikiranira. Amerika yagiriyeko yemera ko yiteguriye gushigikira abahuye n'amakuba.
Turukiya n’Ubugiriki ni ibihugu haheze igihe bidacana uwaka, bivuye ku bibazo bishingiye kw’ibahari ya Mediteraneye biri hagati yavyo.
Facebook Forum