Umuryango w’ubumwe bwa Afrika utangaza ko ubutunzi ku mugabane buzogabanuka, ubuzi bugera ku miliyoni 20 bugatakara muri uyu mwaka w’i 2020 bivuye ku kiza c’umugera wa Corona.
Mu cegeranyo cawo, uwo muryango ugabisha ko ubutunzi bw’ibihugu bushobora kugeramirwa bikomeye n’ikiza c’umugera wa Corona.
Ubutunzi bw’ibihugu vyo muri Afrika bwaza busanzwe bwarageramiwe n’ibiciro vy’ibitoro hamwe n’ibidandazwa bidahinguye vyagabanutse bikomeye, igisata c’ingenzi cayanzaye n’umuzigo w’amadeni utera wiyongera. Ikiza c’umugera wa Corona kikazotuma ibintu biyanzara kurushiriza.
Imitahe iza mu karere ka Afrika yitezwe kugabanuka ibice 15 kw’ijana muri uyu mwaka. Vyitezwe ko ibihugu vyo muri Afrika bitakaza hagati y’ibice 20 n’ibice 30 kw’ijana vy’amafranga yinjira mu bigega vya reta muri uyu mwaka w’i 2020 umuntu abigereranije n’umwaka w’imbere yaho.
Vyitezwe ko ibidandazwa ibihugu vyo muri Afrika bigurira canke bishorera hanze bigabanuka ku rugero rw’ibice 35 kw’ijana n’imiburiburi umuntu abigereranije n’urugero vyariko mu mwaka w’i 2019.
Icegeranyo c’umuryango w’ubumwe bwa Afrika gisaba ko amadeni y’ibihugu agera ku miliyaridi 236 afutwa, naho za reta zigatunganya gushasha ubutunzi bwazo.
Facebook Forum