Uko wahagera

Armeniya: Umushikiranganji w'Imfata Kibanza "Yatsinze Amatora"


Umushikiranganji w'Imfata kibanza muri Armeniya Nikol Pashinyan
Umushikiranganji w'Imfata kibanza muri Armeniya Nikol Pashinyan

Urwego rujejwe amatora muri Armeniya rwatangaje uno musi ku wa mbere ko umugambwe w'umushikiranganji wa mbere w'imfatakibanza, Nikol Pashinyan, watsinze amatora y'abashingamateka yabaye ku musi w'Imana na 53.9 kw'ijana vy'amajwi. Uwari amwegereye mw’ihiganwa, Robert Kocharyan yahoze ari prezida yarangije mu kibanza ca kabiri n’ibice bigera kuri 21 vy’amajwi.

Mw’ijambo yashikirije abamushigikiye, Pashinyan yashimiye abanyarmeniya bose, akaba yemeye gutorera inyishu ibibazo bihanze igihugu.Yavuze ko abanyagihugu barengeye ibihe bitoroshe na gato, ko igihe kigeze ko bahaguruka bagatera baja imbere. Yamara abanyagihugu bishuye ku vyavuye mu matora mu buryo butandukanye.

Pashinyan yasavye ko haba amatora inyuma y’amezi atari make y’imyiyerekano yasaba ko atanga imihoho kubera yateye umukono ku masezerano y’amahoro n’igihugu ca Azerbayijani mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye w’i 2020.

Yarashavuje abanyarmeniya batari bake inyuma y’uko ateye umukono kur’ayo masezerano yahagarikiwe n’Uburusiya. Hari inyuma y’ingwano hagati ya Armeniya na Azerbayijani yamaze indwi zitandatu yahitanye abantu barenga 6,500.

Amatora yo ku musi w’Imana yari ahagarikiwe n’indorerezi z’ishirahamwe rijejwe umutekano n’ugufashanya mu karere k’Ubulaya. Ayo matora yarakwirikiraniwe hafi kandi n’Uburusiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG