Andres Manuel Lopez Obrador umutama w’imyaka 64, yatanguye umwuga wa politike haciye imyaka itari mike, akaba yarakoze mu mirwi yaharaniye agateka k’abanyagihugu bato bato, yaraye atsinze amatora y’umukuru w’igihugu ca Mexique.
Lopez Obrador yatangaje ko reta yiwe yiteguriye kuzorwanya ruswa hamwe n’umuco wo kudahana ivyaha.
Ikindi Lopez Obrador yiteguriye, n’ukwitaho cane imigenderanire y’igihugu agiye kurongora na Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’umukuru w’igihugu waco Donald Trump.
Ni mugihe aho yariko yiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu, Trump yemereye abanyagihugu ko azotegeka reta ya Mexique gukoresha uburyo bwayo mu kwubaka uruhome ruzotandukanya ivyo bihugu bibiri, mu ntumbero yo kurwanya uruja n’uruza rw’abimukira binjira muri Amerika batagira impapuro zibaranga.
Trump yongeyeko avuga ko bamwe mu binjira muri Amerika baza mu migambi y’ubuguzi bwa nabi burimwo n’ugufata ku nguvu abakenyezi.
Naho biri ukwo, ejo ku musi wa mungu Trump yarakeje Lopez Obrador ku rubuga rwiwe rwa Twitter avuga ati “Ndakeje Anders Manuel Lopez Obrador ku kuba abaye umukuru w’igihugu ca Mexique. Ndi n’igishika cinshi co gukorana nawe. Hari vyinshi bwikenewe gukorwa kandi bizokwungukira Amerika na Mexique."
Facebook Forum