Ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu bazindukiye kuri katedrali yitiriwe Umweranda Petero, mu mihango yo guherekeza ubwa nyuma no gushingura Papa Benedigito wa 16. Nyakwigendera Papa Benedigito wa 16 yitavye Imana ku myaka 95.
Papa Benedigito wa 16 yagiye ku ntebe ya Papa mu kwa kane ko mu 2005 yegura mu 2013, asigura ko yeguye kubera amagara yiwe atari akimukundira kuba muri iyo mirimo. Atanga imihoho, hari haheze imyaka yababa 600 ata mupapa yegura: Uwanyuma yari aherutse kwegura yari Papa Gregoire XII yeguye mu 1415.
Amazina yari yarahawe n’abavyeyi akivuka ni Joseph Aloisius Ratzinger. Yavukiye mu Budagi igenekerezo rya 16 ukwezi kwa kane ko mu 1927.