Uko wahagera

Amerika Yorohereje Abashyeshuli b'Abashinwa ku Ngingo z’Ikiza ca Covid-19


Reta ya Prezida Biden, ejo ku musi wa kabiri, yaratangaje ko yoroheje ibisabwa ku Bashinwa hamwe no ku bandi banyeshule baja kwiga muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Iyo ngingo igiye gufasha za kaminuza zo muri Amerika, zagumye zibona igitiri c’abanyeshule bava mu bihugu vy’amahanga kigabanuka.

Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire bwavuze kw’iyo ngingo izotangura kuva itariki ya mbere y’ukwezi kw’umunani. Bwari bworoheje ingingo nk’izo ku banyeshule baba mu bihugu vya Bulaya kuva mu kwezi kwa gatatu.

Mu mwaka w’ishule w’2019-2020, abanyeshule b’Ababshinwa muri Amerika bangana n’ibihumbi 372. Ni ukuvuga ibice 35% vy’abanyeshule bose b’abanyamahanga baje kwiga muri Amerika.

Igitigiri c’abanyeshule baza kwiga mu mashule ya kaminuza yo mu rwego rugira gatatu, cari cagabanutse ibice 2.5% mu mwaka w’2020. Muri uyo mwaka nyene, Prezida Donald Trump yari yankiye abanyeshule batagira ubunyagihugu bw’Abanyamerika bava mu Bushinwa kwijira muri Amerika.

Uyu musi ku wa gatatu, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Ubushinwa bujejwe imigenderanire, Zhao Lijian, yashimye iyo ngingo ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG