Uko wahagera

Amerika Yongereje Amafaranga Itanga nk'Imfashanyo mu Burundi


Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye n'umutambukanyi wiwe
Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye n'umutambukanyi wiwe

Reta zunze ubumwe za Amerika zigiye kuduza amafaranga y'imfashanyo zahora ziha Uburundi cane cane mu gisata c'amagara y'abantu. Yavanywe ku miriyoni 50 z'amadolari ashirwa ku miriyoni 65. Melanie Harris Higgins aserukira Amerika mu Burundi yabivuze inyuma y'umubonano yagiranye n'umushikiranganji wa mbere, Alain Guillaume Bunyoni.

Uwo mupfasoni yanemeje ko igihugu ciwe cishimiye intambwe Uburundi buriko buratera mu kubahiriza agateka ka zina muntu kuva mu mwaka uheze. Umupfasoni Melanie Harris Higgins yakiriwe na Alain Guillaume Bunyoni, umushikiranganji wa mbere w’Uburundi ku mugwa mukuru wa poritike Bujumbura.

Inkuru iramvuye muyumvirize mu majwi y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, i Nairobi, Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:56 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG