Uko wahagera

Amerika Yiteguriye Kurungika Indorerezi mu Matora yo mu Burundi


Peter Pham intumwa idasanzwe ya Amerika mu karere k’ibiyaga binini ahajeje kubonana n'umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu mu Burundi Ezechiel Nibigira
Peter Pham intumwa idasanzwe ya Amerika mu karere k’ibiyaga binini ahajeje kubonana n'umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu mu Burundi Ezechiel Nibigira

Reta Zunze ubumwe za Amerika zitangaza ko Reta y'Uburundi itabaye intambamyi ziteguriye kurungika indorerezi z'amatora yo mu 2020 muri ico gihugu.

Intumwa idasanzwe ya Amerika mu karere k’ibiyaga binini, John Peter Pham, yabibwiye abamenyeshamakuru mu kiganiro yabahaye, inyuma y'urugendo rw'iminsi itatu yari amazemwo mu Burundi.

Muri ico kiganiro, Peter Pham yemeje ko ukurungika indorerezi zizohagarikira amatora yo mu kwa gatanu bizotuma imigenderanire hagati ya Amerika n'Uburundi inaguka, ivyo bihugu bigashobora gufashanya mu vy'iterambere inyuma y'amatora abaye mu "mahoro, ituze n'umwidegemvyo."

Uwo mutegetsi yashimangiye ko Amerika yizera ko amatora aba meza akizerwa iyo habonetse indorerezi zituruka mu mashirahamwe yigenga yaba ayo mu gihugu, nyafurika, na mvamakungu. Naho biri uko, John Peter Pham yibukije ko igikorwa ca Amerika atari ico gutegeka uko bitegerezwa gukorwa.

Intumwa ya Amerika Peter Pham yagarutse kandi ku cuka kibi kiri hagati y'u Rwanda n'Uburundi. Yasiguye ko Amerika ata bubasha ifise bwo kunvikanisha ivyo bihugu ku nguvu ariko ihanura ko izo ndongozi zokwumvikana mu ntumbero yo gusubira kwunga ubucuti.

Ku kibazo c'impunzi z'Abarundi bahungiye muri Tanzaniya bagabishwa gutahukanwa ku nguvu mu ntago z'ukwezi kwa mbere, uwo mutegetsi wa Amerika yumvikanishije ko ugutahuka kw’impunzi gutegerezwa kuva ku bushake bwazo. Yagize ati: " Uretse ko ugutahukanwa ku nguvu ari akarenganyo, ni icaha kijanye n’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu.»

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG