Uko wahagera

Amerika Yakajije Ingingo zo Gutanga Visa mu Bihugu 15 vy'Afurika


Visa y'Amerika
Visa y'Amerika

Ku bava mu bihugu 15 vyo ku mugabane w'Afurika, gusaba impapuro za visa z’ukwinjira muri Amerika bigiye kuzozimba ku bigera ku ncuro 50 umuntu abigereranzije nuko vyari bisanzwe bimeze. 

Itegeko rishasha risaba ingenzi n’abagira imirirmo y’ubudandaji basaba impapuro za visa z’ukuza muri Amerika baturuka mu bihugu bimwe bimwe kuriha amafranga y’ingwati agera ku madolari 15,000 yiyongera ku yandi mafranga ategerezwa gutangwa kugira baronke impapuro za visa. Muri iki gihe, ari hagati y’amadolari 160 na 300.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika butangaza ko ayo mafranga asabwa azoshirwa mu bikorwa mu kiringo c’amezi 6 hagati y’ukwezi kw’icumi na kabiri n’ukwezi kwa gatandatu rugira barebe uburyo iryo tegeko rishasha rikora.

Amafranga y’ingwati y’ukuronka impapuro za visa yerekeye ibihugu ababiturukamwo barengeje ikiringo ca visa bari bafise zabarekurira kwinjira ku butaka bwa Amerika.

Ibihugu 23 ni vyo vyerwa n’iyo ngingo muri rusangi. Uburundi buri mu bihugu 15 vyo muri afrika vyerwa n’iyo ngingo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG