Uko wahagera

Amerika Yahagaritse Ibihano n'Ibihe Bidasanzwe ku Burundi


Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye na Madame wiwe

Prezida wa Reta zunze Ubumwe za Amerika yakuyeho Ibihano hamwe n'ibihe bidasanzwe ku Burundi. Joe Biden, mu rwandiko yashize ahabona kuri uyu wa kane, yemeje ko Ubwicanyi, ihohoterwa n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu vyagabanutse muri ico gihugu.

Reta zunze Ubumwe za Amerika zari zafatiye ibihano Uburundi bivuye ku ntureka zadutse mu mwaka w’2015. Ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburundi birashima iyo ngingo. Ni ingingo ntasubirwamwo ikuraho ibihano kandi ija mu ngiro igifatwa nk’uko Umukuru w’igihugu ca Reta zunze Ubumwe za Amerika yabishize mu rwandiko yateyeko umukono, rugashirwa ahabona.

Yatanguye agira ati : “ Mu bubasha mpabwa n’ibwirizwa nshingo hamwe n’ayandi mategeko yose agenga Reta zunze Ubumwe za Amerika, Jewe Joseph Biden, Umukuru w’igihugu ca Reta zunze Ubumwe za Amerika, nemeje ko ivyari vyatumye dufata ingingo yo gushira Uburundi mu bihe bidasaznwe vy’umutekano italike 22 ukwezi kw’11 umwaka w’2015 vyagabanutse cane, gutyo ko ivyo bihano bikuweho, ubu nyene”.

Ivyo bihano vyabuza abategetsi bamwe bamwe b’Uburundi gutembera canke kuronka Visa yo guhonyora ku butaka kwa Amerika. Urwandiko rwa Prezida Joe Biden rwibutsa ko ivyo bihe bidasanzwe vyari bifatiye ku bwicanyi, ihonyanwa ry’agateka ka zina muntu, guhohotera abanyagihugu ataco bazira, indyane za politike, gukokeza intambara, kubangamira abatavuga rumwe na reta n’ibindi vyaturutse ku ntureka za politike zadutse mu mwaka w’2015 igihe nyakwigendera Prezida Petero Nkurunziza yashaka kwitoza mu kindi kiringo.

Joe Bien ashimangira ko ivyo vyari bibangamiye amahoro, umutekano, n’ituze mu Burundi. Igihugu ca Reta zunze Ubumwe za Amerika kibona ko ako gahengwe kavuye cane cane ku matora yabaye ku mwaka uheze, agashikana Prezida Evariste Ndayishimiye ku butegetsi ata maraso asesetse. Urwo rwandiko rumenyesha ko umukuru w’igihugu Evariste Ndyaishimiye ariko aragira utwigoro tuboneka mu bisâta bitandukanye kugira ituze n’iterambere bisasagare mu gihugu.

Joe Biden ati: “Kubera izo mvo zose, ntegetse ko ingingo zifatira ibihano abantu bamwe bamwe zikababuza kwinjira no gutembera muri Amerika zikuweko kugira dushigikire utwigoro tw’umukuru w’igihuhu ahari”. N’ibihano vyerekeye ubutunzi nk’abari bafatiwe amatungo vyakuweho. Prezida wa reta zunze Ubumwe za Amerika yongerako ko ivyo vyerekeye n’ibihano vyari vyafatiwe Uburundi n’inama nkuru y’umutekano ya ONU.

Urwandiko Joe Biden yateyeko umukono rusigura ko ikurwaho ry’ibihano ku Burundi bidasigura ko hari uturusho ico gihugu kizoronswa tudasanzwe ariko ko ivyo amategeko yemera nk’infashanyo haba mu vy’ubutunzi canke ibindi Uburundi bugiye gusubira kubihabwa. Ibiro vy’umukuru w’igihugu vyamaze gutangaza ko bishima iyo ngingo. Alain Diomede Nzeyimana, icegera c’umuvugizi

w’umukuru w’igihugu c’Uburundi yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter ati : “ Urakoze nyakubwa Prezida wa Amerika gufata ingingo ibereye. Uburundi buratekanye, burimwo amahoro, kandi bwifuza gukomeza imigenderanire na reta zunze Ubumwe za Amerika. Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu Albert Shingiro nawe yabwiye mu majambo make Ijwi rya Amerika ati : “Ni ingingo ije hageze”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG