Igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika casubiye kuregwa ko cishe abasivile mu bitero vy’indege cakoze ku gihugu ca Somaliya.
Inyuma y’aho ivyo birego bitangarijwe, igisirikare ca Amerika caciye gitangaza ko kigiye gushira ahabona mu misi ya vuba, raporo yerekeye ivyo bitero.
Ishirahamwe Amnesty International ryashikirije raporo uyu musi ku wa gatatu, ivuga ko abasirikare b’Abanyamerika bakorera mu biro vya gisirikare muri Afrika, AFRICOM, bishe abasivile babiri bakongera bagakomeretsa abandi batatu mu bitero bibiri vy’indege vyabaye kw’igenekerezo rya kabiri ry’ukwezi kwa kabiri.
Ivyo bitero vyabaye igihe bariko barasa abarwanyi bo mu murwi w’intagondwa al-Shabab wo mu gihugu ca Somaliya. Umushakashatsi w’ishirahamwe Amnesty International mu gihugu ca Somaliya, Abdullahi Hassan mw’itangazo yasohoye, yavuze ko igisirikare ca Amerika, kidakwiye kwemererwa kwama kiriko kivuga ko abasivile bagwa mu bitero vy’indege vyaco, ari abarwanyi b’umurwi w’iterabwoba.
Ishirahamwe Amnesty International rimaze imyaka ine ritohoza ibitero vy’indege za Amerika zikora muri Somaliya.
Facebook Forum