Uko wahagera

Amerika n'Ubudagi Biragirana Ibiganiro ku Kazoza ka Libiya


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu Antony Blinken ari i Berlin mu murwa mukuru w'Ubudagi, aho vyitezwe ko ahava agirana ibiganiro n'abategetsi b'ico gihugu ku bibazo bitandukanye vya Libiya na kazoza k’ico gihugu.  

Ivyo biganiro biza gushimikira ahanini ku matora azoba mu kwezi kwa cumi na kabiri muri Libiya, ishirwaho ry’ibwirizwa nshingiro na Reta, itahukanwa ry’abasirikare mvamakungu n’umuti urama ku ntambara z’urutavanako muri ico gihugu.

Inyuma y’inama umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu Antony Blinken yagiranye na mugenzi wiwe w’Ubudagi, Heiko Maas, yavuze ko aka karyo ko gufasha Libiya kuva mu bibazo irimwo amakungu atigeze akaronka muri kahise.

Blinken yabwiye abamenyeshamakuru ko hari ivyamaze kwumvikanwako na cane cane ku kibazo co gutahukana abasirikare mvamakungu no guhagarika intambara. Ntiyatomoye kamere k’intambwe yatewe yamara. Libiya iri mu bibazo vy’umutekano kuva mu 2011 Mouammar Kadhafi avanywe ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG