Uko wahagera

Amerika mu Twigoro two Guhagarika Ingwano Hagati ya Isirayeli n'Umurwi Hamas.


Umushikiranganji w'imigenderanire w'Amerika, Anthony Blinken na perezida wa Misiri Abdel Fattah al-Sisi
Umushikiranganji w'imigenderanire w'Amerika, Anthony Blinken na perezida wa Misiri Abdel Fattah al-Sisi

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Anthony Blinken yashitse mu gihugu ca Misiri mu twigoro two guhagarika ingwano hagati ya Israyeli n'umurwi Hamas.

Umushikiranganji Blinken aja kubonana na Prezida wa Misiri, Abdel Fattah el-Sissi, n’abandi bategetsi bakomeye imbere y’uko aja mu gihugu ca Jordaniya kubonana n’umwami Abdullah II.

Blinken yatangaje ko agiye gukorana n’amakungu mu twigoro two gufasha gusubira kwubaka ivyasambuwe n’ingwano mu ntara ya Gaza. Yamara yavuze ko hazokorwa ibishobotse vyose kugira ngo ntihagire n’imwe mu mfashanyo zizotangwa zizoba zigenewe intara ya Gaza zishikira umurwi Hamas. Vyongeye yavuze ko ariko agerageza guha inguvu kurushiriza ubutegetsi bw’Abanyapalestina bwemewe n’amakungu.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Anthony Blinken avuga ko Misiri na Jordaniya bifise uruhara rukomeye mu mugambi wo kugarukana umutekano mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi. Ivyo bihugu vyompi bicuditse cane na Amerika, birafitaniye amasezerano y’amahoro na Isirayeli kandi kenshi birafasha guhuza Isirayeli n’Abanyapalestina.

Ni rwo rugendo rwa mbere Blinken agize mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi kuva ashikirijwe amabanga y’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika.

Muri Gaza, umuyobozi w’umutwe wa Hamas yabwiye abamenyeshamakuru uno musi ko bakiye neza imfashanyo mpuzamakungu yo gusana ibyangijwe, igihe cyose idatanzwe na Isirayeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG