Uko wahagera

Umushikiranganji Blinken muri Isirayeli na Palestina Gushigikira Ihagarikwa ry'Imirwano


Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Antony Blinken, ahagurutse mu rugendo muri Isirayeli na Palestina, ku kibuga c'indege ca gisirikare, muri Maryland, kw'itariki ya 24/05/2021.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Antony Blinken, ahagurutse mu rugendo muri Isirayeli na Palestina, ku kibuga c'indege ca gisirikare, muri Maryland, kw'itariki ya 24/05/2021.

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajewe imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken, yahagurutse kuri uyu wa mbere mu rugendo mu karere ko mu buseruko bwo hagati. Ni inyuma y’ihagarikwa ry’intambara hagati ya Isirayeli na Hamas, ryatanguye kuja mu ngiro ku musi wa gatanu.

Uru rubaye urugendo rwa mbere Blinken agize muri ako karere nk’umudiplomate wo hejuru wa Amerika. Ategekanya guhura n’abategetsi ba Isirayeli, aba Palestina hamwe n’abandi bo mu karere bakorana mu twigoro Amerika irimwo two kugarukana amahoro arama muri ako karere.

Umushikiranganji Blinken azoganira n’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu, n’abandi bategetsi muri Yerusalemu. Azobonanira kandi i Ramallah na perezida w’ubutegetsi bwa Palestina, Mahmoud Abbas, umushikiranganji wa mbere, Mohammad Shtayyeh, hamwe n’abandi bategetsi bakuru.

Uru rugendo rwiwe muri ako karere ruzomushikana kandi muri Misiri, igihugu cafashije Isirayeli na Hamas guhagarika imishamirano. Azobonana na perezida wa Misiri Abdel-Fattah el-Sissi n’umushikiranganji wiwe w’imigenderanire n’amakungu, Sameh Shoukry.

Ni mu gihe ku cicaro c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, abagize akanama kajejwe amahoro n’umutekano bashimye ihagarikwa ry’intambara hagati ya Isirayeli na Hamas, bongera bahamagarira ko hakwiye amahoro arama ashimikiye kuri reta zibiri zigenga, iya Isirayeli n’iya Palestina.

Bamwe mu bahinga bavuze ko uku guhagarika imirwano kutazotanga inyishu y’igihe kirekire izohagarika burundu izo ntambara zimaze ibinyecumi hagati y’izo mpande zibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG