Uko wahagera

Amerika Izotanga Incanco za Covid 19 ku Bihugu vy'Afurika


Intumwa y’umuryango w’Afrika Yiyunze yavuze ko umugabane w’Afrika uzotangura kuronka incanco z'ukwikingira ikiza ca Covid-19 zizoba zitanzwe na Reta zunze ubumwe za Amerika mu ndwi iza.

Reta ya Prezida Joe Biden yatangaje mu kwezi guheze ko izoha ibihugu 100 bikenye kurusha ibindi kw’isi incanco za Pfizer imiliyoni 500 z’ukwikingira Covid-19. Imenyesha ko atavyo izosaba kugira itange izo ncanco. Izo ncanco zizoba zigizwe ahanini n’iza Pfizer hamwe na nkeyi za Johnson & Johnson.

Strive Masiyiwa akora mu kigo, “African Vaccine Acquisition Trust” gifasha mu gikorwa c’ugutanga incanco zitanzwe na Amerika, avuga ko bimwe mu bihugu vyo muri Afrika bizotangura kuronka incanco za Johnson & Johnson mu ntango z’indwi iza, mu gihe ibindi bizoronka iza Pfizer. Nta gihugu na kimwe kizoronka ubwoko bw’izo ncanco bwompi.

Umuyobozi w’ikigo kijejwe kurwanya n’ukwirinda indwara muri Afrika, CDC, John Nkengasong, yatangaje ko Afrika iri inyuma y’iyindi migabane yo kw’isi mu bijanye n’ugucandaga abanyagihugu. Ibi bitangazwa n’itorokanyirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters.

Nkengasong avuga ko Afrika yari yategekanije kuronka incanco imiliyoni 800 mu kwezi kw’icumi na kabiri kw’uyu mwaka. Yamara gushika ubu imaze kuronka imiliyoni 65 gusa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG