Uko wahagera

Amerika Isaba ko Ikubagurwa ry'Abanyeritreya muri Tigreya Rihagarara


Bamwe mu Banyeritreya bagandariye mugenzi wabo

Amerika itera akamo k'uko ikubagurwa rikorerwa abanyeritreya rihagarara mu ntara ya Tigreya. Amerika irafise impungenge zikomeye ku makuru avuga ko ibitero biriko birakorwa ku mpunzi z’abanyeritreya bari mu ntara ya Tigreya iri mu buraruko bwa Etiyopiya. Iyo nkuru yatangajwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Jalina Porter, ku musi wa kabiri. Yamenyeshe ko iterabwoba n’ibitero bibakorerwako vyohagarara.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yatangaje ko batewe impungenge bikomeye n’amakuru yizewe y’ibitero inteko z’umuhari, Tigray People’s Liberation Front, TPLF, mu mpfunyapfunyo hamwe n’abarwanyi b’abanyatigreya bakora kuri izo mpunzi.

Ingwano hagati y’imirwi yitwaje ibirwanisho yariyongeye mu makambi y’impunzi z’abanyeritreya ya Mai Aini na Adi Harush no mu micungararo yayo. HCR itangaza ko impunzi 2 zishwe muri uku kwezi.

Umuvugizi w’Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Jalina Porter amenyesha ko bateye akamo impande zose zitwaje ibirwanisho mu ntara ya Tigreya guhagarika ibitero n’iterabwoba ku mpunzi zose. Abandi Amerika ifitiye impuhwe ni abarondera ubuhungiro n’abantu bakuwe mu zabo n’ubwicanyi n’uruhagarara bibandanya muri iyo ntara, hamwe n’abakozi b’amashirahamwe y’abagiraneza agerageza kwishura ku bubabare bw’abanyagihugu baho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG