Uko wahagera

Amerika Irahimbaza Umunsi Mukuru Wahariwe Abakozi


us labor day
us labor day

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko zihimbaza uno musi ku wa mbere umusi wahariwe abakozi. Uwo musi utera iteka abakozi bo muri Amerika n’intererano bagize mu butunzi bw’igihugu.

Amareta agize igihugu yashizeho amategeko ategekanya gutera iteka abakozi ku musi wa mbere w’ukwezi kw’icenda uko umwaka utashe kuva mu 1880. Uwo musi ni umusi w’akaruhuko mu gihugu cose.

Mu myaka ya vuba, abanywanyi b’amashirahamwe y’abakozi baragabanutse kubera iterambrere ry’ubuhinga bwa none n’ukugene ubutunzi butunganijwe mu makungu muri iki gihe.

Mu ntumbero yo gukwirikiza insiguro y’uwo musi wahariwe abakozi, ibisagara bimwe bimwe vyo muri Amerika bibandanya kugira ibirori bitera iteka amashirahamwe aharanira inyungu z’abakozi.

Yamara abakozi batari bake muri Amerika bafise umusi w’akaruhuko aho baronka akanya ko kuba bari kumwe n’imiryango yabo n’ukwinezereza.

Umusi mukuru wahariwe abakozi ubonwa ko ari wo musi wa nyuma w’igihe c’ici aho amashule asubira kwugurura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG