Uko wahagera

Amerika Igabisha ko Abihevyi Bashobora Gutera Kenya


Abasirikare ba Kenya bakinjura ihoteri yigeze kugabwako igitero mu 2019

Reta Zunze Ubumwe z’Amerika zigabisha ko hari umurwi w’abihevyi uriko utegura kugaba igitero kuri imwe mu hoteri zikomeye ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi.

Mu butumwa ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu bwacishije ku rubuga rwayo rwa twitter bugabisha, bwasavye Abanyamerika bari i Nairobi kumera magabo.

Ubwo bushikiranganji ntibwavuze izina ry’ iyo hoteri abihevyi bariko bategura gutera. Gusa, bwemeje ko iyo hoteri igenderwa cane na bamukerarugendo co kimwe n’ingenzi ziba ziri mu butumwa bw’akazi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG