Uko wahagera

Amerika Igabisha Imvura Nyinshi muri Afurika y'Ubuseruko


Abahinga mu gutohoza ivy'ibirere bo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bagabisha ko imvura nyinshi muri kazoza ka hafi izobangamira igice kitari gito ca Afurika yo mu buseruko.

Ibihugu bizobangamirwa cane ni Etiyopiya, Sudani yo mu bumanuko, Uganda n’uburaruko bw’igihugu ca Tanzaniya hamwe na Kenya. Ni ibihugu bimaze gusinzikazwa bikomeye n’imvura y’isegenya n’imyuzure.

Mu bisanzwe, ivyo bihugu bironka imvura igereranye kuva mu kwezi kw’icenda kugera mu kwezi kw’icumi na kabiri. Uno mwaka yamara imvura n'imyuzurire bimaze iminsi bihavugwa vyatumye abantu ibihumbi n’ibihumbi bata izabo, ibitungwa bitari bike bitwarwa n'imyuzurire.

Ibice vyo mu bumanuko bwa Etiyopiya bitaronka mu bisanzwe imvura imbere y’ukwezi kw’icumi vyaronse imvura irengeye iyisanzwe.

Wassila Thiaw, umuhinga mu gutohoza ivy'ibirere avuga ko imvura iriko irwa muri iki gihe mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko idasanzwe. Amenyesha ko ibintu bizobandanya nkuko mu ndwi ziri imbere.

Avuga ko imvura y’isegenya iriko irwa muri ako karere n’imyuzure iriko itera bishobora kugira ingaruka ku bifungurwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG