Uko wahagera

Amerika Ibandanya Kuvana Abanyagihugu Bayo muri Afuganistani


Amerika irabandanya igikorwa cayo co guhungisha abanyagihugu bayo n'Abanyafuganistani naho hakozwe igitero ca rokete ku kibuga c'indege co ku murwa mukuru wa Afganistani, Kabul.

Umutegetsi wa reta ya Amerika yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ko rokete zarashwe zasambuwe na misile zijejwe kwivuna umwansi za Amerika.

Umuvugizi w’ibiro vya Prezida wa Amerika, Jen Psaki yatangaje ko Prezida Biden yahawe amakuru y’ico gitero, akaba yasavye abayobozi b’abasirikare kwongereza utwigoro twabo two gukora ibishoboka vyose kugira bakingire inteko za Amerika ziri muri Afganistani.

Reta zunze ubumwe za amerika ziriko ziheraheza igikorwa co guhungisha Abanyamerika n’Abanyafuganistani imbere y’italiki ntarengwako y’ejo ku musi wa kabiri. Ni mu gihe umutekano utera uyanzara muri Afuganistani inyuma y’igitero c’abiyahuzi hafi y’ikibuga c’indege co ku murwa mukuru, Kabul ku musi wa kane. Ico gitero cahitanye Abanyafuganistani 169 n’abasirikare ba Amerika 13.

Igisirikare ca Amerika kiriko kandi gitohoza amakuru avuga ko abasivile bishwe inyuma y’uko gikoze igitero c’indege itagira umudereva bita drone ku musi w’Imana kivuga ko catesheje igitero cariko gitegurwa n’umurwi ISIS-K ku kibuga c’indege mpuzamakungu, Hamad Karzai.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG