Uko wahagera

Amatora Yo Mu Ntango Mu Mugambwe W‘Abareplika Yabaye Mu Ndwi Iheze


Ntiyashoboye Kwishura Ibibazo Vyerekeye Umunyapolitike Azoserukira Uyo Mugambwe Mu Matora Ategekanijwe mu Kwezi kwa 11.

Ku musi wa kabiri w’indwi iheze, intara 10 zo muri Reta zunze ubumwe za amerika, zarakoresheje amatora yo mu ntango mu mugambwe w’abaRepublika. Bwari ubwa mbere, intara zingana gurtyo zikoresheje ayo matora ku musi umwe, arinaco gituma ayo matora yari yitiriwe, SUPER TUESDAY.

Abanyapoltike b’abaRepublika bane basigaye mur’iryo higanwa ryo mu ntango, Mitt Romney yahoze atwara intwara ya Massachusetts, yatsinze mu ntara zitandatu kur’izo ntara cumi. Rcik Santorum nawe yatahukanye intsinzi mu ntara zitatu, mu gihe Newt Gingrich yahoze ar’umukuru w’inama nshingamateka, yatsinze mu ntara imwe. Umunyapolitike agira kane Ron Paul, ntiyashoboye gutsinda mu ntara n’imwe.

Aho ivyavuye mur’ayo matora bitangarijwe, ibibazo vyari bihari vyo kumenya umunyapolitike azohava agenwa mu kibanza co guserukira umugambwe w’abaRepblika, bisa n’ibitatoye inyishu, kuko ata munyapolitkke n’umwe yerekanye kw’ashigikiwe n’abanyagihugu benshi bahurikiye mu mugambwe w’abaRepblika:

Mu kiganiro cacu Dusangire Ijambo co mu mpera z’iyi ndwi, twaraganiye n’abarundi baba muri Reta zunze ubumwe za amerika, bakwirikirana politike yo muri Reta zunze ubumwe za amerika, cane cane itegurrwa ry’amatora, kugira baduhe insiguro z’ivyavuye mur’ayo matora yitiriwe Super Tuesday, professor Athanase Gahungu hamwe na Jean Paul Rwitanaga.

Mushobora kwumviriza:

XS
SM
MD
LG