Uko wahagera

Amatora Yegejwe Inyuma muri Nijeriya


Perezida Muhammadu Buhari mu myiyamamazo

Amatora y’umukuru w’igihugu n’ayabashingamateka vyari bitegekanijwe ko aba kuri uno wa gatandatu muri Nijeriya yegejwe inyuma mu kiringo c’indwi imwe.

Mahmood Yakubu aramutswa umurwi ujejwe gutunganya amatora ya Nijeriya yatanganje iyo ngingo hasigaye amasaha atanu gusa ngo amatora nyezina atangure. Yasiguye ko ari ingingo yabagoye gufata ariko vyari ngombwa ko ifatwa kugira amatora azobe mu bwisanzure no mu muco. Nta nsiguro zirenze aho Yakubu yatanze mu itangazo ryiwe.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, rivuga ko umwe mu bari muri comisiyo y’amatora adashima ko amazina yiwe amenyekana yaritangarije ko “hari ibikoresho bimwe bimwe birimwo impapuro zo gutorerako bitari bwashikanwe mu tuzu tw’itorero ”.

Amashirahamwe adakiranira ivy’icaro vya politike ari mu ndorerezi yavuze ko iyegezwa inyuma ry’ayo matora riteye amakenga kandi rituma icizere kuri comisiyo iyategura kigabanuka. Abanyagihugu bari biteguye gutora ku ruhande rwabo bavuze ko bajuragijwe kandi bibabaje.

Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari w’imyaka 76 ari mu bazokwitoza yahamagariye Abanyenijeriya kuguma bafatanye mu nda no kudahungabana. Buhari azohinganwa n’uwahoze ari icegerea ciwe umugwizatunga Atiku Abubakar w’imyaka 72.

Umushikiranganji w’imigenderanire ya Amerika n’ayandimakungu,Mike Pompeo,kuri uno wa gatanu yaravuganye kuri terefone na Perezida Buhari co kimwe na Atiku. Bompi yababwiye ko Amerika yipfuza ko amatora yari kuba kuri uno wa gatandatuyari gutunganywa mu muco, uwuzotsindwa akemera ivyayavuye mu matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG