Uko wahagera

Abakandida mu Matora ya Nijeriya Bizeza ko Azotunganywa mu Muco


Muhammadu Buhari mu myiyamamazo
Muhammadu Buhari mu myiyamamazo

Perezida wa Nijeriya hamwe n’abanyapolitike bakomeye bazohiganwa nawe mu matora ategekanijwe ku musi wa gatandatu, basubiye kwemeza ku mugaragaro ko bashigikiye amahoro. Ni inyuma y’aho mu misi iheze abanyapolitike bashikiririje ibirego bikabije vyateye amakenga abatari bake.

Perezida Muhammadu Buhari ariko ahiganira ikiringo kigira kabiri hamwe na Atiku Abubakar yahoze ari icegera ca Prezida, uyu musi ku wa gatatu batangaje ko bazokora ibishobotse vyose kugira ngo amatora atunganywe neza kandi abe ku mugaragaro. Abo bategetsi kandi bameje ko ata ndyane zihagaze ku madini no ku bwoko zizoranga ayo matora.

Mu gihugu ca Nijeriya amatora yabaye mbere yose, yararanzwe n’ubwicanyi bukomeye naho amatora yaheruka mu mwaka w’2015 yoyo yagenze neza. Ayo matora ni yo yonyene yatumye abategetsi babisikanya mu buryo buciye mu nzira ya demokrasi. Ico gihe, prezida yari ku butegetsi yatsinzwe n’uwo bariko barahiganwa.

Umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe amahoro yarateye akamo gasaba abanyapolitike bashika 70 bose bariko barahiganwa mu mwanya w’umukuru w’igihugu, gukora ibishobose kugira ngo umutekano ntuhungabane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG