Amashure muri Kameruni yongeye kugurura naho ikiza ca virusi ya Corona kiciraye mu banyagihugu.
Abategetsi muri ico gihugu bemeza ko abamaze kwandura uwo mugeramuri rusangi barenga ibihumbi bitandatu n’amajanaatatu, abo umaze guhitana nabo bakababa amajana atatu.
Umushikirnganji wa mbere wa Kameruni yasiguye ko igihigu cafashe ingingo yo kugurura kuk umuvuduko w'abariko barakira n'abandura ushimishije. Yahumurije abavyeyiababwira ko ingamba zo kwirindakwandura mu mashure atandukanye zafashwe.
Muri izo ngamba, harimwo koumenyeshure wese kimwe n’umwarimu abwirizwa kwambara agafuka munwa, amashure yose agapompwa imiti n’imiburiburi incuro zitatu ku ndwi, umwana umwe umwe akisangiza intebe, isomero rimwe ntirirenze abantu 25, barimwo umwigisha sha umwe n’abanyeshure 24.
Bamwe mu bigisha barimwo abakaminuza babwiye yamara Ijwi ry’Amerika ko izo ngamba hari aho zitubahirijwe. Umushikirangabjio ajejwe inyigisho mu mashure matomato, yishura kuri ayo makengha yasavye abavyeyi barereye ahatarashika ibikoresho vyose, kugira ico bafashije bagaha abana babo amasabuni yo gukaraba intok n'udufuka munwa.
Ubuserukizi bw’Ubufaransa muri Kameruni bwihananganirije abanyagihugu babwo baba muri ico gihugu kurungika abana mu mashure, busigira ko Corona iciraye mu bantu.
Facebook Forum