Uko wahagera

Arusha: Sudani y'Epfo Yakiwe muri EAC


Salva Kiir ni we Perezida wa Sudani y'Epfo
Salva Kiir ni we Perezida wa Sudani y'Epfo

Perezida wa Sudani y’Epfo Salva Kiir arashimishwa no kuba igihugu ciwe caremerewe kwinjira mu muryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko. Amenyesha ko igihugu ciwe kizohungukira ibitari bite cane cane mubijanye n’imibano hamwe n’ubutunzi ndetse n’imigenderanire. Igihugu ca Sudani y’epfo cemerewe kwinjira mur’uyo muryango mu nama y’abakuru b’ibihugu yabereye I Arusha muri Tanzaniya ejo kuwa gatatu. Umuvugizi wa perezida Salva Kiir Ateny Wek Ateny amenyesha ko Sudani y’epfo citeze kugiranira imigenderanire ikomeye n’ibihugu bibanyi kandi ko abanyagihugu bo mur’ako karere baziharonkera akarusho. Ariko bamwe mu banyagihugu ba Sudani y’epfo bavuga ko barindiriye kuraba ingene reta mfatakibanza igiye gushingwa izokoresha ako karyo keza ico gihugu kironse mu kwinjira mur’uyo muryango.

XS
SM
MD
LG