Uko wahagera

Nijeri: Amatora Avugwamo Uburiganya


Urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na reta muri Nijeri yatangaje ko ikuye akarenge mu matora y’umukuru w’igihugu y’uku kwezi kwa gatatu.

Urunani COPA bahuriyemwo ruriyamiriza ivyavuye mugice ca mbere c’amatora, mu kuvuga ko ubusuma bwari bwateguwe. Ayo matora yahaye ikibanza ca mbere Perezida Mahamadou Issoufou.

Bavuga kandi ko umukandida urwo runani rwatanze, Hama Amadou, atazoja guhigana mugice ca kabiri gitegekanijwe kw’italiki 20 z’uku kwezi kwa gatatu. Abo kandi bemera ko bazokora kugira babuze Perezida Mahamadou Issoufou gutsinda ikindi kiringo.

Urwo runani COPA rumenyesha ko umukandida warwo yimwe ubwigenge kandi ko hahonyanzwe amatora ya demokarasi agengwa n’ubwigenge, no kudahengama.

Perezida Issoufou yatsinze ku majwi 48 kw’ijana mu gice ca mbere c’amatora cabaye mukwezi guheze, ariko ntiyashoboye gushikana amajwi amuha uburenganzira bwo gutahukana intsinzi.

XS
SM
MD
LG