Uko wahagera

Amakoraniro y’Umugambwe Uprona, Ariko Arakoreshwa, Ntashigikiwe na Bose


Umugambwe Uprona, uriko urakoresha amakoraniro mu ntara, yamara abanywanyi b’uyo mugambwe bose, ntibashigikiye ayo makoraniro. Hari abanywanyi b’umugambwe Uprona bavuga kw’amakoraniro nk’ayo, adakwiye gukoreshwa mur’iki gihe hakiri ibibazo bikomeye, abategetsi b’umugambwe Uprona, batumvikanako n’abandi banywanyi b’umugambwe Uprona bari mu nzego z’uyo mugambwe.

Yamara umukuru w’umurwi w’abashingamateka bahurikiye mu mugambwe Uprona, akaba kandi n’umuvugizi w’uyo mugambwe, professor Charles Nditije, avuga kw’ayo makoraniro ariyo nzira iciye muri demokrasi, abanywanyi bose b’uyo mugambwe bakwiye gushigikira.

Umviriza.

XS
SM
MD
LG