Uko wahagera

Amafaranga Ava mu Bitoro Yagabanutse Ibice 80 kw'ijana muri Nijeriya


Amafranga ava mu bitoro yagabanutse ibice 80 kw'ijana mu gihugu ca Nijeriya. Iyo nkuru yatangajwe n’abategetsi b'ico gihugu ku musi wa kabiri w’iyi ndwi.

Ni ikibazo gikomeye cane kuri ico gihugu kizera cane ku bitoro. Umuyobozi mukuru ajejwe amafaranga ya Reta, Ben Akabueze, avuga ko bategerezwa kagabanya amafaranga Reta itegekanya gukoresha.

Mu kwezi kwa gatatu, Reta ya Nijeriya yatangaje ingingo y’ukugabanya ibice 15 kw'ijana vy'amafaranga bivuye kuri ico kibazo.

Umushikiranganji ajejwe ikigega, Zainab Ahamed na we asigura ko Nijeriya ihanganye muri iki gihe n’ikiza c’umugera wa Corona hamwe n’isenyuka ry’ibiciro vy’ibitoro bidahinguye.

Ikigega mpuzamakungu FMI gitangaza ko ubutunzi bwa Nijeriya buzogabanuka 3.4 kw’ijana muri uyu mwaka w’i 2020. Mu ndwi iheze, FMI yemeje imiliyaridi 3 n’imiliyoni amajana ane y’amadolari agenewe gufasha Nijeriya guhangana neza kurushiriza n’ikiza c’umugera wa Corona.

Yamara ayo mafaranga ntahagije kuri ico gihugu cipfuza gusaba inzego mpuzamakungu zitandukanye zitanga amadeni ingurane iri hafi y’imiliyaridi 7 y’amadolari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG