Uko wahagera

Alijeriya Isaba Ubufaransa "Kuyubaha"


Amabendera y'Ubufaransa na Aljeriya
Amabendera y'Ubufaransa na Aljeriya

Alijeriya yatangaje ko Ambassaderi ayiserukira mu Bufaransa azosubira kurungikwa mu mabanga yiwe ari uko Ubufransa bugaragaje ko bwubaha ico gihugu.

Alijeriya yari yahamagaje umuserukizi wayo i Paris mu ndwi iheze inyuma y’aho amajambo ivuga ko yashikirijwe na perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron mu kinyamakuru “ Le Monde” avuga ko Alijeriya itwarwa n’abatetsi banditse amateka ya gikooni bisunze urwanko bafise Ubufaransa.

Bukeye bwaho, Alijeriya yaciye yugara ikirere cayo ku ndege za gisirikare z’Ubufransa nk’uko vyatangajwe n’igisirikare c’Ubufaransa. Mu ndwi iheze, Prezida Emmanuel Macron yari yatangaje ko yizeye ko icuka kibi ca politike kiri hagati y’Ubufaransa na Alijeriya kigiye kugabanuka. Yarongeye avuga ko afise imigenderanire myiza na prezida wa Algeria.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG