Uko wahagera

Afurika y'Epfo Yiteze Ubushomeri Bukabije n'Igabanuka ry'Ubutunzi


Perezida Cyril Ramaphosa
Perezida Cyril Ramaphosa

Perezida w'igihugu ca Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa yatangaje ko Reta yiwe yategekanije imiliyaridi 26 y'amadolari agenewe gufasha ihigugu

Ramaphosa yatangaje ayo mafaranga ku musi wa kabiri. Amenyesha ko agenewe gukoreshwa mu guhangana n’ingaruka z’ikiza c’umugera wa Corona ku bijanye n’ubutunzi n’imibano mu gihugu.

Perezida Ramaphosa yatangaje ko ibihe igihugu ciwe n’amakungu birimwo bitazosubira kuba nkuko vyari imbere yaho.

Mw’ijambo yashikirije abanyagihugu, Perezida Ramaphosa yavuze ko imiliyaridi 26 y’amadolari bategekanije angana ibice 10 kw’ijana vy’umwimbu wose w’ubutunzi w’igihugu. Atangaza ko ibizoshimikirwako kurusha ibindi ari ukurwanya ikiza c’umugera wa Corona, gufasha abanyagihugu imiliyoni n’imiliyoni bageramiwe n’ingaruka z’ico kiza mu kuba badashobora kuva mu ngo zabo muri iki gihe.

Ayo mafaranga azokoreshwa mu gufasha abageramiwe kurusha abandi mu kiringo c’amezi atandatu. Ikiza c’umugera wa Corona carongereje ubusumbane hagati y’abanyagihugu mu bijanye n’ubutunzi.

Ubukene n’ukubura kw’ibifungurwa vyariyongeye bikomeye muri Afrika y’Epfo kuva ingingo iziririza abanyagihugu kuva mu ngo zabo itanguye gushikrwa mu bikorwa kw’italiki 27 z’ukwezi kwa gatatu.

Iyo ngingo yarahagaritse imirimo nka yose yerekeye ubutunzi mu gihugu.

Vyitezwe ko urugero rw’ubushomeri rwari rusanzwe ku bice 29 kw’ijana rwiyongera bikomeye. Ibanki nkuru y’igihugu itangaza ko ubutunzi bw’igihugu buzogabanuka 6.1 kw’ijana muri uyu mwaka

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG