Uko wahagera

Afurika y'Epfo Yiteguriye Gutangura Gutanga Incanco za Covid-19


Igihugu ca Afrika y'epfo kimenyesha ko kizogura ibipimo umuliyoni n'igice vy'incadago ca AstraZaneca mu ntumbero y'ugukingira abakozi bo mu gisata c'ubuvuzi. Ni irya mbere ico gihugu gitangaje ko kizogura incandago z’ukwikingira ikaiza ca Covid-19 mu gihe ibitigiri vy’abandura uwo mugera bitera vyiyongera bikomeye.

Ibipimo umuliyoni vya mbere, bizoba bivuye mu kigo gikora incandago, “Serum Institute” co mu Buhindi, bizotangwa mu mpera z’uku kwezi. Bizokwirikirwa n’ibindi bipimo 500,000 mu kwezi kwa kabiri nkuko bitangazwa n’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Zwelini Mkhize.

Afrika y’epfo ifise abakozi bo mu gisata c’ubuvuzi umuliyoni n’ibihumbi 250 bakora mu bitaro vya reta n’ivy’abigenga. Reta yatangaje ko abo bakozi aribo bategerezwa gushimikirwako ubwa mbere mu gikorwa c’ugukingirwa ikiza ca Covid-19.

Ico gihugu gihanganye n’ukwiyongera bikomeye kw’ibitigiri vy’abandura umugera wa Covid-19. Ico gihugu catangaje ku musi wa gatatu ko abandi bantu bashasha 21,832 banduye umugera wa Corona mu gihe abandid 844 bahitanywe n’uwo mugera. Bimwe mu bitaro mu gihugu bitangaza ko vyarengewe n’ibitigiri vy’abarwayi.

Ugukwiragira n’ingoga kw’umugera wa Covid-19 mu ndwi nkeyi zirangiye vyatumye n’ubwoko bushasha bwawo bwandukira kurushiriza nk’uko bitangazwa n’abahinga mu vy’ubuvuzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG