Uko wahagera

Afurika y'Epfo Iribuka George Bizos Yaburaniye Nelson Mandela


Abanyafrika y’Epfo bibutse nyakwigendera Bizos, yaburaniye umuhisi Nelson Mandela. Ibirori vyo kwibuka George Bizos yaburaniye abategetis batari bake barwanije ya ntwaro y’ivanguramoko, barimwo Nelson Mandela, vyabaye uyu musi ku wa kane.

Bizos yitavye umuremyi mu kwezi guheze afise imyaka 92. Yaragize uruhara ruhambaye mu rugamba rwo kugwanya ivanguramoko ryisungwa mur’ico gihugu mu gucinyiza abirabure bagize umurwi munini.

Inyuma y’aho intwaro y’ivanguramoko irangiriye mu mwaka w’1994, Bizos yarabandanije aserukira imiryango y’abarenganijwe muri wa murwi w’igihugu war’ujejwe ugutohoza ukuri n’ukurekuriranira.

Perezida wa Afrika y’Epfo Cyril Ramaphosa, uyu musi ku wa kane yavuze ko Bizos yar’ intwari yaranzwe n’utwigoro tudasanzwe two guharanira ubutungane mu gihugu ca Afrika y’Epfo yahungiyemwo afise imyaka 13, inyuma y’aho aba Nazi batereye Ubugereki.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG