Uko wahagera

Afurika Izokwemera ko Ubufaransa Buyifasha mu Gutuza Intagondwa?


Igihugu c’Ubufaransa kiriko gitegura igisirikare caco kugira gihangane neza kurushiriza n’intagondwa mu karere ko muri Afurika yo mu burengero. Ako karere karageramiwe n’ibitero vy’intagondwa z’abayislamu.

Perezida w’Ubufransa Emmanuel Macron atangaza ko naho Ubufaransa bufise ishaka, yipfuza kubanza kumenya niba abategetsi b’ibihugu vyo muri ako karere bikeneye Ubufaransa ku butaka bwako.

Ubufaransa bwigeze gukoloniza akarere ko muri Afrika yo mu burengero, bufise inteko 4500 mu karere ka Sahel. Bwagirijwe na bamwe mu banyagihugu baho ko bwananiwe kwubahiriza umutekano muri ako karere.

Bamwe mu banyagihugu muri Mali bamaze hafi y’imyaka cumi bahanganye n’intagondwa z’abayislamu bariyamirije inteko z’Ubufransa mu gihugu cabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG