Uko wahagera

Afrika y'Epfo Yongereje Ikiringo c'Ingingo z'Ukurwanya Covid-19.


Cyril Ramaphosa Perezida wa Afurika y'Epfo
Cyril Ramaphosa Perezida wa Afurika y'Epfo

Prezida wa Afrika y’epfo Cyril Ramaphosa yavuga ko bikenewe ko ingingo z’ukwirinda ikwiragira rya Covid-19 zibandanya gushirwa mu ngiro. Yavuze ko reta yiwe yiyemeje gukora ibishoboka vyose kugira ironke ibipimo n’incandago bihagije.

Yatangaje ingingo yo kwongereza ikiringo c’umukwabo wo mw’ijoro “couvre-feu” mu gihugu, hamwe no kuziririza inzoga n’amakoraniro y’abantu benshi.

Prezida Ramaphosa avuga ko ikiza ca Covid-19 kiriko kigira ingaruka zikomeye cane mu gihugu muri iki gihe. Ibitigiri vy’abantu bashasha bandura uwo mugera, abakirwa mu bitaro n’abahitanwa nawo biri hejuru cane kurusha uko vyibonekeje kuva umuntu wa mbere atowemwo uwo mugera mu kwezi kwa gatatu kw’umwaka w’i 2020.

Ramaphosa yatangaje ko bazokora ibishoboka vyose kugira bagabanye ibitigiri vy’abandura Covid-19 biciye mu kwirinda ico kiza hamwe n’umugambi w’ugucandaga abanyagihugu benshi bashobotse.

Kuva kw’italiki ya mbere y’ukwezi kwa mbere kw’uyu mwaka w’i 2021, abantu bashasha banduye umugera wa Covid-19 bagera ku 190,000. Abamaze guhitanwa na wo barenga 4,600.

Ubwoko bushasha bw’umugera wa Covid-19 buherutse kwiyadukiza mu gihugu buriko butuma ibitigiri vy’abandura vyiyongera cane kurushiriza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG