Uko wahagera

Abitwaje Ibigwanisho Banyuruje 19 kw'ishure Kaminuza muri Nijeriya


Irindi mu yandi mashure ryigeze kunyuruzwako abana muri Nijeriya
Irindi mu yandi mashure ryigeze kunyuruzwako abana muri Nijeriya

Abantu bitwaje ibigwanisho banyuruje abantu 19 kw'ishule kaminuza mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya. Muri ico gitero cabaye mw’ijoro ryo ku musi w’Imana muri reta ya Zamfara, mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya, abo bantu bitwaje ibirwanisho baratanye mu mitwe n’abajejwe gukingira iryo shule.

Babiri mu bajejwe gukingira iryo shule n’umupolisi barahasize ubuzima nk’uko bitangazwa n’umuvugizi w’igipolisi co muri Reta ya Zamfara. Amenyesha ko abajejwe umutekano bariko bahiga abagize ico gitero mu karere kari mu micungararo y’igisagara ca Bakura, aho iryo shule kaminuza riri.

Kunyuruza abantu cane cane ku mashule vyariyongeye mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya mu kiringo c’amezi umunani arangiye. Biterwa cane cane n’ubukene butera bwiyongera bitewe n’ingaruka zikomeye ikiza ca Covid-19 cagize ku butunzi bw’igihugu.

Abana n’abanyeshule barenga 1,000 baranyurujwe mu bibanza bigiramwo kuva mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka urangiye w’i 2020. Bamwe muri bo bararekuwe inyuma y’uko abakoze ubwo bubisha bahawe amafaranga y’ingwati, mu gihe abandi irengero ryabo ritazwi.

Kunyuruza abantu ni kimwe mu bitera umutekano muke utera wiyongera muri Nijeriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG