Uko wahagera

Abimukira 52 Baba Baguye mu Nyanja y'Atlantika


Hari impungenge ko abantu 52 bapfuye, mu gihe umuntu umwe ari we yarokotse igihe ubwato bwari butwaye abimukira bwariko butera bugana igihugu ca Espanye bwibira.

Iyo mpanuka yabereye mw’ibahari Atlantike. Umumpapfasoni umwe wenyene yarokotse yabwiye abamutabaye ko ubwato yarimwo bwari bwavuye mu karere ka Afrika mu ntango z’indwi irangiye butwaye abimukira 53.

Abari mu bwato butwara ibicuruzwa babonye ubwato butwaye abimukira ku musi wa kane, ku bilometero 255 mu bumanuko bw’amazinga ya Canaries, baca bagabisha abajejwe ibikorwa vy’ugutabara vyihutirwa b’igihugu ca Espanye.

Uwo mupfasoni yabwiye abamutabaye kw’ubwo bwato bwari buvuye mu gice c’akarere ka Sahara yo mu burengero kari ku nkengera z’ibahari Atlantike mu gihe abari muri bwo bari bavuye mu gihugu ca Cote d’ivoire.

Abimukira barishira mu bibazo bikomeye mu gihe baba bariko bagerageza gushika mu karere k’i Bulaya baciye ku butaka no mu mazi. Bamwe mu ribo bakaba batakaza ubuzima bwabo mu gice c’ibahari Atlantike kiri hagati y’akarere ko muri Afrika yo mu burengero n’amazinga ya Canaries yegukira Espanye.

Ibiziga vya benshi mu basiga ubuzima bwabo mw’ibahari Atkantike ntivyigera bitorwa. Ishirahamwe mpuzamakungu rikwirikirana abimukira rimenyesha kw’abimukira batari musi ya 250 bapfuye bariko bagana amazinga ya Canaries mu mezi 6 ya mbere y’uyu mwaka w’i 2021.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG